error code:
RADIO TELEVISION RUKARAMU
Sign-In
Verify Email Address Account Sign-Out
Menu
News
Program
Schedule Shows Specials
Program
Schedule Shows Specials
Staff

Embed The Radio Player In Your Website
Copy the code below and paste it into your website.

Download our desktop apps

Back to news

Uburundi: Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye Yakiriye Abaserukizi Bashasha ba Mali, Mauritania

2026-06-24 22:00:00
2
0

BUJUMBURA, 25 Ruheshi 2026 – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, yakiriye kuri uyu wa kane ku Kirimba kwa Ntare abaserukizi batatu b’ibihugu vya Mali, Mauritania na Bangladesh baje gushikiriza amakete abagena guserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Abo baserukizi ni Seydou Coulibaly, aserukira igihugu ca Mali, ubuserukizi bwiwe bukaba bufise icicaro i Luanda muri Angola; El Houssein Ould Nagi, aserukira igihugu ca Mauritania, ubuserukizi bwiwe bukaba bufise icicaro i Addis-Abeba muri Ethiopia; hamwe na Sitwat Nayeem, aserukira igihugu ca Bangladesh, nawe ubuserukizi bwiwe bukaba bufise icicaro i Addis-Abeba muri Ethiopia.

Nk'uko vyashikirijwe n’Umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu, Nancy Ninette Mutoni, ibiganiro vyabaye hagati y’Umukuru w’Igihugu n’abo baserukizi vyibanze cane ku migenderanire n’ubufatanye hagati y’Uburundi n’ibihugu baje guserukira.

Mu biganiro yagiranye n’uwaserukiye igihugu ca Mali, Seydou Coulibaly, Umukuru w’Igihugu yashimikiye ku kamaro k’amahoro n’umutekano mu karere ka Sahel, aho impande zompi zashimye ingingo n’utwigoro Uburundi bukomeza kugira mu gushigikira amahoro no kurwanya iterabwoba ryugarije ako karere.

Ku ruhande rw’uwaserukiye Mauritania, ibiganiro vyagarutse ku gukomeza imigenderanire myiza ishingiye ku bufatanye hagati y’ibihugu vya Afrika, cane cane mu vya politike, ubutunzi n’iterambere ry’umugabane.

Nayo uwaserukiye Bangladesh, Sitwat Nayeem, yaganiriye n’Umukuru w’Igihugu ku buryo bwo gutsimbataza imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi, hisunzwe cane iterambere ry’ubutunzi n’uguteza imbere igisata c’uburimyi, gifise uruhara runini mu mibereho y’abanyagihugu.

Mu gusozera uwo muhango, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yarakiriye neza abo baserukizi, arabaha ikaze mu Burundi, yongera arabipfuriza kuroranirwa mu mabanga mashasha bajejwe n’ibihugu vyabo.

Iryo yakirwa ry’abo baserukizi ni ikimenyetso ciza cerekana ugukomeza kw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu hamwe n’uruhara igihugu gikomeza kugira mu gutsimbataza ubufatanye mpuzamakungu.

Inkuru ya RTR ONLINE 🇧🇮

Share This Article

Comments

Add Comment
Login to comment Verify your email to comment

No Comments Yet...

There was an error while fetching comments, Please try again later

888888888

mmmmmmmmm

ooooooooo

nnnnnnnnn

ttttttttt

uuuuuuuuu

eeeeeeeee

sssssssss

wwwwwwwww

hhhhhhhhh

rrrrrrrrr

fffffffff

iiiiiiiii

ddddddddd

aaaaaaaaa

yyyyyyyyy

888

mmm

ooo

nnn

ttt

uuu

eee

sss

www

hhh

rrr

fff

iii

888

mmm

ooo

nnn

ttt

uuu

eee

sss

www

hhh

rrr

fff

iii

ddd

aaa

yyy

month

88

88

day

88888

88888

UTC

88

88

hour

:

88

88

minute

:

88

88

second

am

pm

Program Lineup

Previous Article

No Previous Article

Next Article

No Previous Article

RADIO TELEVISION RUKARAMU
Privacy Policy Terms Of Service radio hosting internet radio hosting
Powered By Caster.fm Streaming Solutions.